Uko wahagera

Burundi: Umwimbu w'Impeshi Uzoba Mwiza


Deo Guido Rurema, umushikiranganji w'uburimyi n'ubworozi mu Burundi
Deo Guido Rurema, umushikiranganji w'uburimyi n'ubworozi mu Burundi

Ubushikiranganji bw'uburimyi n'ubworozi mu Burundi burahumuriza ko umwimbu w'impeshi uzoba mwiza.

Ubwo bushikiranganji busigura ko mu ntara zine zabonetsemwo inzara mu gihe c'agatasi zigiye kuronswa imbuto z'ibiterwa bitandukanye.

Mu kiganiro umushikiranganji aburamutswa yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu yanavuze ko leta iriko iragwiza imbuto zirobanuye kugira igwanye inzara.

Umushikiranganji Deo Guide Rurema yavuze ko ubu imigambi yihutirwa ari iyo gukingira isi ndimwa. Ivyo bikorwa mu guca imikobeko no gutera ivyatsi n’ibiti kuriyo bigatuma akanovera k’isi kataja mu nzuzi no mu myonga.

Mu gihe c’agatasi ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwemeza ko umwimbu muke n’inzara vyibonekeje mu ntara zine kuri 18 zigize u Burundi.

Nazo ni Kirundo na Muyinga mu buraruko hamwe na Bubanza na Bujumbura mu burengero.

Murutwo turere umwimbu waragabanutse uja musi y’ibice 50 kw’ijana.

Leta ivuga ko izo ntara yaziteguriye imigambi inemeza ko umwimbu w’impeshi uzogenda neza.

Mu kwezi kwa mbere uyu mwaka, ibisata vya ONU mu Burundi vyari vyari vyavuze ko Abarundi imiliyoni zitatu bugarijwe n’inzara. Umuliyoni muribo bakeneye imfashanyo zihuta. Ariko umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi asigura ko ari uguhuguza.

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bumenyesha ko buriko burungika abahinga kwiga mu bihugu vyo hanze ukuntu bokorera ku butaka bw’u Burundi imbuto zirobanuye zizwi nka hybrides mu gifaransa.

Rurema yabwiye abamenyeshamakuru ko ibi bizotuma umwimbu w’ibiterwa bimwe bimwe wiyongera hafi incuro zine. Atanga akarorero k’umuceri aho kw’igetari himburwa amatoni nk’atatu hashobora kuzova ama toni ari hagati ya 10 na 11 hakoreshejwe ubwo bushakashatsi bushasha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG