Uko wahagera

Igitero Cahitanye 36 Muri Siriya


Abasilikari b'urunani rw’inteko ziyobowe na Amerika

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu mu gihugu ca Siriya rifise icicaro mu Bwongereza, The Syrian Observatory for Human Rights, rimenyesha kw’igitero c’indege z’ingwano kivurwa ko cakozwe n’urunani rw’inteko ziyobowe na Amerika cahitanye abantu 36 kw’ishule iri hafi y’igisagara ca Raqqa.

Iryo shirahamwe, rivuga kw’ico gitero cabaye mu masaha yo mu gitondo ku musi wa kabiri hanze y’imihana y’ahitwa al-Mansoura. Iryo shirahamwe rivuga kw’iryo shule ryari ryakiye abantu bavuye mu zabo kubera ingwano mu gihugu ca Siriya.

Ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika vyabwiye Ijwi rya Amerika, uno musi ku wa gatatu, kw’ata vyemezo bifise vy’ugushigikira ivyatangajwe n’iryo shirahamwe, ryo muri Siriya. Ivyo biro yamara vyemeye kugira itohoza.

Igisagara ca Raqqa niwo murwa mukuru wa Reta ya Kiyislamu. Gufata ico gisagara n’umugambi inteko zitandukanye zirwanya ISIS zishinze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG