Uko wahagera

CPI: Bemba Yaciriwe Uwundi Mwaka wo Gufungwa


Jean Pierre Bemba
Jean Pierre Bemba

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I Lahaye m’Ubuholande yaciriye Jean-Pierre Bemba yahoze ar’icegera c’umukuru w’igihugu muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo igifungo c’umwaka umwe n’amande y’ibihumbi 300 y’amafaranga y’abanyabulaya.

Bemba yagirizwa gutanga ibiturire kuvyabona vyiwe m’urubanza yagirizwa n’iyo sentare vyo mu ntambara n’uguhohotera agateka ka muntu. Uwo murwizatunga w’imyaka 54 yari yaraciriwe ikindi gifungo c’imyaka 18 m’ukwezi kwa gatandatu.

Yagirizwa ubwicanyi, ugufata abagore kunguvu vyakozwe n’imuhari y’abarwanyi biwe muri republika ya Centrafrika. Bemba yagirizwa guha igipfuka munwa ivyabona 14, kugira bitange amakuru y’ibinyoma. Abarwanyi ba Jean Pierre Bemba bagirizwa kwica abantu 1500 hagati y’imyaka 2002 na 2003 muri Centrafrika.

Bagirizwa kandi gusahura no gusambanya abana muri aho bari bagiye gushigikira Perezida Ange-Félix Patassé yagira akurwe k’ubutegetesi na Jenerali François Bozizé.

Amakuru atangwa n’ishirahamwe Open Society Justice Initiative, avuga ko ico kibazo co gutanga ruswa kimaze kugira ingaruka ku manza nyinshi muri sentare mpuzamakungu CPI.

Akarorero n’imanza z’umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta n’icegara ciwe William Ruto zaruhiwe guhebwa kubwo kubura ivyemeza, inyuma y’aho bagirijwe ko nabo bafumbatishije ivyabona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG