Uko wahagera

RDC Isabwa Gushira mu Bikorwa Amasezerano Hagati y'Abanyepolitike


Umuyobozi w'ibiro vy'ishirahamwe O-N-U muri Congo, Maman Sambo Sidikou, ari hagati kw'ifoto
Umuyobozi w'ibiro vy'ishirahamwe O-N-U muri Congo, Maman Sambo Sidikou, ari hagati kw'ifoto

Ishirahamwe mpuzamakungu ryamenyesheje, ku musi wa kabiri, ko hafi y’amezi atatu inyuma yuko amasezerano hagati y’abanyepolitike ateweko igikumu muri Republika iharanira demokarasi ya Congo, ishirwa mu ngiro ryayo ryahagaze. Ivyo birageramiye umutekano mu gihugu.

Umuyobozi w’ibiro vy’ishirahamwe O-N-U muri Congo, Maman Sidikou, yaragabishije abagize urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi.

Raporo atari yororo y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, yerekana kw'uruhagara n’ubwicanyi vyakwiragiye no mu bice vyahoze birangwa n’umutekano imbere yaho. Mu ntara nka Kasai na Lomami aho abarwanyi batanye mu mitwe n’igisirikare ca Reta, abasivile barenga amajana abiri barahasiga agatwe. Bivurwa kw’ibibanza vyafubwemwo abantu benshi vyatowe mu ntara ya Kasai.

Mu ndwi iheze, abahinga babiri b’ishirahamwe O-N-U na bagenzi babo b’abanyekongo bane barazimanganye muri iyo ntara. Hakaba hari ubwoba butera bwiyongera ko batazogaruka.

Iryozwa ry’agateka ka muntu ritera ryiyongera. Ishirahamwe O-N-U rimenyesha kw’imirwi irwanya ubutegetsi ibandanya gukorera mu buseruko bw’igihugu, harimwo umurwi M23 wari watsinwe mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka w’i 2013 wasubiye kuvyuka

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG