Uko wahagera

Ubwongereza Bugiye Kuva Icese mu Muryango w'Ubulayi Vuba


Umumenyeshamakuru ariko yerekana urwandiko rurirko ingingo ya 50 irekurira Ubwongereza kuva mu muryango w'ibihugu vy'i Bulaya
Umumenyeshamakuru ariko yerekana urwandiko rurirko ingingo ya 50 irekurira Ubwongereza kuva mu muryango w'ibihugu vy'i Bulaya

Ubwongereza bwatangaje ko buzokwishimikiza ingingo ya 50 y’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya, mu bizokwerekana kw’ico gihugu gifise umugambi w’ukuva icese mu muryango w’ibihugu vy’i Bulaya, kwitaliki 29 z’ukwezi kwa gatatu.

Ivyo umuvugizi wa Reta y’Ubwongereza, yabitangaje uno musi ku wa mbere. Yemenyesheje kw’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya wabimenyeshejwe.

Ingingo ya 50 y’amasezerano yashizeho umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya igenga ukugene ibihugu bigize uwo muryango bishobora kuwuvamwo.

Umugambi w’ukuva mu miryango w’ibihugu vy’i Bulaya watanguye mu kwezi kwa gatandatu muri referandumu yo mu mwaka w’i 2016 aho Abongereza bahisemwo kuva mu muryango w’ibihugu vy’i Bulaya.

Iyo referandumu yatumye umushikiranganji wa mbere w’ico gihe, David Cameron atanga imihoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG