Abasirikare bashika batatu b’abanyamerika barakomeretse k’umusi w’Imana inyuma y’aho umusirikare w’umunyafuganistani abacucagiyemwo amasasu m’ubumanuko bwa Afuganistani.
Iryo sanganya ryabaye mugihe bari mu myimenyerezo ya gisirikare mu ntara ya Helmand. Abo basirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bariko baravurwa nkuko amakuru ava mu nteko mvamakungu za OTAN muri Afuganistani abivuga.
Abategetsi ba Afuganistani bashikiriza ko uwo yabarashe yaciye nawe araswa aricwa n’abo basirikare mvamakungu.
Intara ya Helmand yabayemwo intambara ikomeye m’umwaka uheze kandi uturere twayo tutari duke tugenzurwa n’abatalibani. Abasirikare b’abanyamerika barungitsweyo gutanga imyimenyerezo ya gisirikare igamije gufasha abasirikare ba Afuganistani mur’urwo rugamba n’abatalibani.
Mwomenya ko uwundi murwi ugizwe n’abasirikare bashika 300 b’Abanyamerika witezweyo mu mpera z’uyu mwaka gufasha bagenzi babo guhangana n’abo batalibani.
Facebook Forum