Uko wahagera

Misiri Iriko Irahangana n'Imigwi y'abagwanyi


Muri Misiri Reta imenyesha ko iriko iragwana n’imigwi ibangamiye umutekano, w’abapolisi ba Misiri, abajejwe umutekano hamwe n’abakristu, mu karere ka Sinayi. Ako karere kari ku nkengera z’akarere ka Gaza na Isirayeli, gasanzwe karigaruriwe n’imigwi yiyitirira kw’ikorana n’umuhari wa kisilamu.

David Des Roches, umwigisha muri Kaminuza y’igisirikare I Washington yabwiye Ijwi ry a Amerika ko izo ntureka ziri mu karere ka Sinayi ziri hagati y’abanyagihugu bamwe bamwe na Reta ya Misiri. Ibikorwa vy’iyo migwi vyagiye kwiyongera mu mwaka w’Ibihumbi bibiri na cumi na gatatu, aho igisirikare ca Misiri gitembagarije intwaro ya Prezida Mohammed Morsi, yar’umu isilamu.

Prezida Abdel Fattah el-Sissi, yar’asanzwe ar’umushikiranganji wo kwivuna abansi, yaciye ashiraho ibihe bidasanzwe m’uburaruko bwa Sinayi, mu bihumbi bibiri na cumi na kane. Intureka zakurikiye zikaba zarahitanye ubuzima bw’abasirikare n’abapolisi amajana, inzu zitari nke zirasamburwa, n’ayo abanyagihugu bashika ku bihumbi cumi barata izabo barahunga.

Abahinga bavuga ko ari hamwe Reta ya Misiri inaniwe no guhagarika izo ntambara ziri mu karere ka Sinayi, ingaruka ar’uko umuhari wa Reta ya Kisilamu uzohava ukorana n’iyo migwi, intambara igatandukira akarere kose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG