Uko wahagera

Inama y'Abashikiranganji bajejwe Ikigega muri G-20


Inama y'abashikiranganji bajejwe ikigenga mu mugwi G-20
Inama y'abashikiranganji bajejwe ikigenga mu mugwi G-20

Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Steve Mnuchin, yatangaje ko inama yakoranye na bagenzi we bahurikiye m’umugwi G-20, kur’uyu wa gatandatu, yagenze neza. Mnuchin avuga ko avuye mur’iyo nama yizeye ko bagiye gukorana neza n’abandi bashikiranganji bari mur’uwo mugwi, n’ubwo, nk’uko abivuga, batumvikanye neza ku bijanye no gukingira urudandaza mpuzamakungu.

Mnuchin, yagarutse ku migambi ya Prezida Donald Trump, yerekeye gukomeza amashirahamwe n’abakozi ba Amerika. Mnuchin avuga ko yiyamirije ingingo ijanye no kudakingira urudandaza, yasohotse mu mpera z’iyo nama. Amenyesha kandi ko Amerika yemera guhanahana ibidandazwa hagati y’ibihugu, yamara ko bategerezwa gusubiramwo amasezerano agize urwo rudandaza.

Abari mur’iyo nama batangaje ko ivyo batumvikanyeko ata nzitizi biteye. Iyo nama yabereye mu gihugu c’Ubudagi, ikaba yategura iyizoba k’umugaragaro mu kwezi kw’indwi, kw’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG