Uko wahagera

Umubonano wa Prezida Trump na Angela Merkel


Angela Merkel (i bubamfu), Prezida Trump (i buryo)

Inyuma y’umubonano Prezida Donald Trump wa Amerika, yagiranye na mugenzi we w’Ubudagi Angela Merkel, kur’uyu wa gatanu, Prezida Trump yatangaje ko ashigikiye ishirahamwe OTAN, yamara avuga ko yongeye kwibutsa ko abanywanyi bahurikiye mur’iryo shirahamwe bategerezwa kwongerereza intererano y’amafaranga basanzwe batanga kugira bashigikire urunani rw’abasirikare bari mur’iryo shirahamwe.

Ivyo Prezida Trump yabitangarije abamenyeshamakuru, aho yavuze ko Merkel ariko arasambura Ubudagi mu kwakira abimukira ibihumbi n’ibihumbi baturuka muri Siriya. K’uruhande rwa Merkel, yagiriza Prezida Trump k’ubuza abanyagihugu baturuka mu bihugu vy’aba isilamu kwinjira muri Amerika. Merkel akavuga ko imigenderanire ya Amerika n’Ubudagi itegerezwa kwisunga Ubuntu bwa demokrasi n’agateka ku bantu ata gucagura urukoba, idini, igitsina canke ivyiyumviro vya politike.

Abo bategetsi babiri bagarutse ku bijanye n’uko bazobandanya kugwanya iterabwoba rikorwa na reta ya kisilamu. Baganiriye kandi kubijanye n’imigenderanire y’urudandaza hagati y’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe atlantique. Umugambi washigikiwe cane na Angela Merkel w’Ubudagi hamwe n’uwahora arongoye Amerika Barack Obama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG