Uko wahagera

M'Ubufaransa Habaye Ibitero Bibiri


Abapolisi b'Ubufaransa bari inyuma y'inyubakwa y'ikigo kijejwe ikigega mpuzamakungu.
Abapolisi b'Ubufaransa bari inyuma y'inyubakwa y'ikigo kijejwe ikigega mpuzamakungu.

Mu gihugu c’Ubufaransa, umuntu umwe yakomerekejwe n’ibombe yaturitse, iteze mw’ikete, hari ku biro vy’Ikigo kijejwe ikigega mpuzamakungu, nk’uko vyatangajwe n’igipolisi. Christine Lagarde, umuyobozi w’ico kigo yatangaje ko ico gitero ar’igikorwa c’imburakimazi.

Ahandi habaye igitero m’Ubufaransa ni mu gisagara ca Grasse, aho umwana w’umusore yarashe mw’ishure ryisumbuye, akomeretsa abantu babiri. Igipolisi nticatangaje ku bijanye n’ibigwanisho vyakoreshejwe mur’ico gitero, yamara kimenyesha ko kikiriko kirarondera umuntu wa kabiri ashobora kuba yafashije mu gutera ico gitero.

Prezida Francois Hollande yishikiye kur’iryo shure, ahabereye ico gitero, aho yatangaje ko amatohoza aza yatanguye ku bakoze ivyo bitero ukw’ari bibiri.

Igihugu c’Ubufaransa kimaze imyaka ibiri kiri mu bihe bidansazwe, inyuma y’ibitero bitari bike vyakozwe n’abiyahuzi ba reta ya kisilamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG