Uko wahagera

Burundi: Ibiziga vy'Abantu 5 Vyatowe i Mutumbuzi


Ivyo biziga n’ivy’abagabo babiri Nikumana Jimmy hamwe na Elie bose bo ku mutumba wa vugizo-warubondo hafi y’urubibe Uburundi buhana na Repubulika iharanira demokarasi ya Congo, mu burengero bw’Uburundi.

Abo bagabo bari bagiye kurema isoko kur’uyu wa gatatu bashoye imboga z’amashu ahitwa kiriba Ondesi mu gihugu kibanyi ca Congo nk’uko bivugwa n’abaryango babo bahisi basubiye kubabona kur’uno wa kane ari ibiziga.

Musitanteri wa komine Mutimbuzi, Damien Barindambi yemeza kw'abo bagabo bishwe n’abitwaje ibigwanisho bavugwa mu buseruko bw’igihugu kibanyi ca Congo imbere y’uko baza gutabwa ku butaka bw’Uburundi mu gace ka Vugizo.

Sake Mathieu, ayoboye ishirahamwe ACPDH riharanira agateka ka zina muntu, rifise icicaro muri zone Gatumba, yemeza kw'abo bagabo bagandaguriwe muri Congo imbere y’uko ibiziga vyabo biza gutabwa ku butaka bw’Uburundi.

Uwo aharanira agateka ka zina muntu yemeza kw'aho ku rubibe Uburundi buhana na Congo na cane cane muri zone Gatumba abantu bama banyurujwe n’abitwaje ibigwanisho aho hari n’abicwa.

Aho ku rubibe rwa kongo n’Uburundi uruja n’uruza rwari rwifashe neza nk’uko ababa na cane cane muri zone Gatumba babivuga. Ivyaraye bibaye bashikiriza ko ari urukurikirane rw’ubugizi bwa nabi bagirirwa n’abitwaje ibigwanisho baza bazananye mu buseruko bwa repubulika iharanira demokarasi ya Congo.

Sake Mathieu arongoye iishirahamwe ACPDH asaba ko abajejwe umutekano bogerageza gukingira abanyagihugu baba ku rubibe.

N'inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika, Evariste Nzikobanyanka:

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:43 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG