Uko wahagera

USA: Tillerson Ari mu Rugendo muri Aziya


Rex Tillerson, umushikiranganji wa minisiteri y'ububanyi n'amahanga w'Amerika mu Buyapani
Rex Tillerson, umushikiranganji wa minisiteri y'ububanyi n'amahanga w'Amerika mu Buyapani

Umushikiranganji wa Departema ya Amerika, Rex Tillerson ari mur’urugendo mu gihugu c’Ubuyapani. Tillerson ategekanya kugendera kandi ibihugu vya Koreya y’Epfo, hamwe n’Ubushinwa mu ntumbero yo guhumuriza ivyo ibihugu, bisanzwe bikorana na Amerika, no kurabira hamwe navyo uburyo bogwanya iterabwoba ry’ibigwanisho vya nucleaire, bihingurwa na Koreya ya Ruguru.

Mur’urwo rugendo, Tillerson yajanye n’umumenyeshamakuru umwe, mu gihe bimenyerewe ko ahagurukana n’umugwi utari muto w’abamenyeshamakuru iyo afashe ingendo mwen’izo. Bitegekanijwe ko kur’uyu wa kane, Tillerson abonana n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe hamwe n’ujejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Fumio Kishida.

Kur’uyu wa gatanu, Tillerson azova aho m’Ubuyapani ac’aja muri Koreya y’Epfo, aho azobonana na Perezida Hwang Kyo-Ahn. Yamara nta banywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bazobonana, ni mu gihe aho muri Koreya y’Epfo, hategekanijwe amatora y’umukuru w’igihugu, mu kwezi kwa gatanu.

Urugendo rwa Rex Tillerson mu karere ka Aziya azorurangiriza mu gihugu c’Ubushinwa, kur’uyu wa gatanu, aho ategekanya kubonana na Prezida Xi Jinping. Bozaganira kandi ku bijanye n'umubonano azogirana na Perezida Donald Trump utegekanijwe kuba mu ntango z’ukwezi kuza kwa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG