Uko wahagera

Prezida Trump Yakiriye Icegera c'Umwami wa Arabiya Sawudite


Prezida Trump n'Icegera c'Umwami wa Arabiya Sawudite
Prezida Trump n'Icegera c'Umwami wa Arabiya Sawudite

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabonanye kur’uyu wa kabiri n’icegera c’umwami wa Arabiya Sawudite, Mohammed Bin Salman, mu nyubakwa yiwe, hano I Washington DC. Ikinyamakuru ca Arabiya Sawudite catangaje ko uwo mubonano war’ugamije gukomeza imigenderanire y’ivyo bihugu ukwari bibiri, no kwiga ku bibazo bijanye n’inyungu bisangiye.

Uwo mubonano ubaye uwa mbere hagati y’umuryango w’abami ba Arabiya Sawudite na Prezida Trump kuva atanguye amabanga yiwe nk’Umukuru w’Igihugu. Mwomenya ko Arabiya Sawudite ifatikanije na Amerika, yagwanije abagwanyi b’aba chite bagwanira muri Irani, mu kiringo c’imyaka hafi ibiri iheze.

Imigenderanire ya Arabiya Sawudite na Amerika yari yaratosekaye ku ntwaro ya Barack Obama, inyuma y’amasezerano yakozwe ku bijanye n’ibigwanisho vya nucleaire bihungurwa na Irani, isanzwe idacana uwaka na Arabiya Sawudite. Abatetsi ba Arabiya Sawudite bakavuga ko bizeye ko iyo migenderanire igiye gusubira kunaguka, kandi ko bizeye ko Reta ya Trump izogabanya ukwiganza kwa Irani mu karere k’ibihugu vy’abarabu.

Igihugu ca Arabiya Sawudite gisanzwe arico ca mbere gishorera ibigwanisho Amerika, kikaba kandi ari naco ca mbere mu gushobora igitoro mu makungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG