Uko wahagera

Kenya: Abaganga Basubiye ku Mirimo


Abaganga n'abakozi bo m'ubuvuzi muri yegereyegere
Abaganga n'abakozi bo m'ubuvuzi muri yegereyegere

Muri Kenya, urunani ruhurikiyemwo abaganga, rwatangaje ko yegereyegere bari bamazemwo iminsi ijana yarangiye. N’inyuma y’ibiganiro vyabaye hagati ya Reta n’abo baganga. Ivyo biganiro vyari bimaze iminsi vyaherahejwe n’uko abaganga batangaje kur’uyu wa kabiri ko bagiye gusubira ku mirimo yabo.

Abategetsi ba Kenya bumvikanye n’urunani rw’abaganga ko bazosubiramwo amasezerano yateweko igikumu mu mwaka w’Ibihumbi bibiri na cumi na gatatu, mu kiringo c’iminsi mirongo itadantu ir’imbere. Ayo masezerano avuga ku bijanye n’imishahara y’abaganga, imfashanyo yabo hamwe n’ibikoresho vyisununuye basanzwe bakoresha mu mirimo yabo ya minsi yose.

Kuva kur’uyu wa gatatu, abanyagihugu bo muri Kenya bakaza gusubira kuronswa ubuvuzi mu bitaro vya Reta bishika ku bihumbi bibiri, mu gihe ibiganiro bigiye kubandanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG