Uko wahagera

Sudani y'Epfo Irasabwa Kurekura Imfungwa za Politike


Perezida Salva Kiir wa Sudani y'Epfo
Perezida Salva Kiir wa Sudani y'Epfo

Leonzio Angole Onek ayoboye igisata c’ubumenyi mu bijanye n’amahinguriro kuri kaminuza yo mu gisagara ca Juba, yahoze apfungiwe ivya politike muri Sudani yo mu bumanuko, avuga kw’abanyororo bapfungiwe ivya politike barenga mirongo itatu babandanya kugumizwa mu munyororo.

Ivyo naho perezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir yiyemeje ku vyerekeye kubarekura.

Onek, asaba perezida Kiir gushira mu ngiro ivyo yemeye vy’ukurekura abantu 32 bapfunzwe ku mvo za politike amazina yabo yatangajwe mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze n’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Amnesty International.

Onek avuga ko kwubahiriza uwo muhango vyoba vyubahirije amasezerano y’amahoro yateweko igikumu mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’i 2015 agenewe guhagarika ingwanao muri Sudani yo mu bumanuko.

Amenyesha ko hamwe perezida Kiir ashaka kwerekana umutima w’imbabazi, yotegerezwa kurekura abantu bose bapfunzwe, hamwe n’abanyororo bari mu minwe y’ibiro vy’igihugu bijejwe iperereza.

Abarwanya ubutegetsi bariko barondera gukura ku butegetsi perezida Kiir, kuva mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2013. Bavuga kw’ubutegetsi bwose buri mu minwe y’abo mu bwoko bwiwe b’aba Dinka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG