Uko wahagera

Inkozi z'Ikibi Zafashe Ubwato Hafi ya Somaliya


Inkozi z’ikibi zikorera mu mazi zafashe ubwato butwara ibitoro n’abantu indwi bari muribwo hafi ya Somaliya, bariko basaba gushumbushwa kubera ukuroba mu buryo budaciye mu mategeko biriko bitera vyiyongera mu mazi yegereye Somaliya.

Ijwi rya Amerika, Servisi y’Igisomali yavuganye kw’itelefone n’umwe mu banyuruje ubwo bwato ku musi wa kabiri. Ivyo vyabaye umusi umwe inyuma yuko abantu binjiye muri ubwo bwato barabufata hafi y’ibilometero 30 umuntu avuye ku nkengera za Somaliya.

Yatangaje kw’abantu indwi bagize uruhara muri ico gikorwa. Amenyesha ko we na bagenzi be ari abarovyi, kw’atari inkozi z’ikibi zikorera mu mazi.

Amenyesha ko bafashe ingingo nk’abarovyi y’ukurwanya ukuroba mu buryo budaciye mu mategeko. Amenyesha ko bafashe ibirwanisho kugira bivune, kandi ko bazobandanya urwo rugamba.

Abajijwe ku bantu bari mu bwato bafashe, yavuze ko kubica bitari mu migambi yabo. Avuga ko abo bantu ari bazima, kw’ataco babaronderako. Amenyesha ko barondera ababarungitse kugira ntizobagaruke.

Ubwo bwato bwanyurujwe bwitwa, Aris 13, n’ubw’isosiyete ya Emirats Arabes Unis, bwarimwo abantu umunani babukorako bose bava muri Sri Lanka.

Ubwo bwato bwari buvuye ku kivuko co mu gihugu ca Djibouti bugana umurwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho, butwaye ibitoro na gaz.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG