Uko wahagera

O-N-U Irarajwe Ishinga Nuko Ibintu Vyifashe mu Burundi


Abagize inama y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ijejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano barerekanye impungenge zikomeye ku kugene ibintu vyifashe mu Burundi, ku kugene ata ntambwe zahabaye ku vyerekeye gushira mu ngiro ingingo ya 2303 y’urwo rwego.

Ni nyuma yuko bahuye kugira bihweze uko ibintu vyifashe mu Burundi.

Mw'itangazo bashize ahabona, bavuga ko batewe impungenge n’ibitigiri bitera vyiyongera vy’impunzi ziva mu gihugu n’amakuru yerekeye gufata abantu bunyamaswa, abantu bazimangana n’abantu bicwa.

Abaserukira ibihugu bigize inama y’ishirahamwe O-N-U ijejwe kwubahiriza umutekano kw’isi batangaje ko bashigikiye igikorwa c’umuhuza, Benjamin Mkapa yahoze ari perezida w’igihugu ca Tanzaniya.

Bamenyesha kw’ibiganiro hagati y’Abarundi babifashijwemwo n’umuryango w’ibihugu vya Afrika hamwe n’umuryango w’ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko aribwo buryo bwonyene bw’ugutora inyishu irama ku bibazo vya politike biri mu Burundi.

Abaserukira ibihugu bigize inama y’ishirahamwe O-N-U ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi basubiye gusaba impande zose mu Burundi kwirinda ingingo izarizo zose zogeramira amahoro n’umutekano mu gihugu, zishobora kandi kugeramira umutekano mu karere.

Basavye Reta y’Uburundi gusubira gukorana n’amakungu, cane cane ishirahamwe O-N-U mu buryo bwubaka bifatiye ku kwubahana hagati y’impande zose.

Barashigikiye bivuye inyuma umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U n’umuhanuzi wiwe adasanzwe ku bijanye n’ukwirinda intambara Jamal Benomar mu twigoro tw’ukuvugana na Reta y’Uburundi ku vyerekeye gushira mu ngingo ingingo ya 2303.

Barerekanye ko babajwe n’ingingo ya Reta y’Uburundi y’uguhagarika uburyo bwose bw’ugukorana n’ibiro vy’urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe agateka ka muntu vyakoreye mu gihugu mu Burundi kuva mu mwaka w’i 1995 mu mugambi w’ugukomeza inzego zifatiye ku mategeko.

Bizeyeko inyishu izoboneka bidatevye biciye mu biganiro hagati y’ibiro vy’inama y’ishirahamwer O-N-U ijejwe agateka ka muntu na Reta y’Uburundi mu bizotuma ivyo biro bisubira akubandanya ibikorwa vyaryo mu gihugu

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG