Uko wahagera

Nijeri: Hama Amadou Yagirizwa urudandazwa rw'Abana


Hama Amadou yahoze ar'umushikiranganji wambere muri Nijeri.
Hama Amadou yahoze ar'umushikiranganji wambere muri Nijeri.

Sentare yo muri Nijeri itangaza ko yasanze umunyepolitike ari mubuhungiro atavugarumwe na reta atwara abana hanze y’igihugu muburyo budakurikije amategeko ica imucira igifungo c’umwaka.

Hama Amadou, yahoze ahangana na Perezida Mahamadou Issoufou mu matora y’umukuri w’igihugu ahitiye ubu akaba aba mugihugu c’Ubufaransa yasomewe urubanza atariho ari.

Abashingwamanza biwe batangaje ko intumbero y’urwo rubanza ar’ukumukumira mu yandi matora muri kazoza. Bavuga ko azize ivyapolitike.

Amadou n’umwe mu mirwi y’abandi bantu barimwo n’umukenyezi wiwe, bagirizwa gutwara abana babakuye mu gihugu kibanyi ca Nijeriya bakabacisha muri Benin babashira abakire muri Nijeri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG