Uko wahagera

Iraki: Abasirikare Babohoje Abagore i Mosul


Abategetsi bo mugisagara ca Mosul babwiye ijwi ry’Amerika ko abasirikare ba Iraki bafashe ihinguriro ry’impuzu umuhari wa reta ya Kiyisilamu wapfungiramwo abagore.

Amakuru atangwa n’umuvugizi w’umugambwe the Patriotic Union of Kurdistant I Mosul, avuga ko abagore bashika 300 bari bamaze imyaka ishika itatu baboshwe batowe.

Uyundi mutegetsi w’abakurdes I Mosul, Said Mamozini yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iryo hinguriro ry’impuzu ryafashwe n’abasirikare ba Iraki mundwi iheze ariko ko ibisasu vya mine vyatezwe mukuzimu kumpande zose n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu ntivyaboroheye kubandanya baja imbere.

Abategetsi batangaza ko amatohoza agikorwa kugira bamenye ibiranga abo bagore. Ariko bagatangaza ko benshi muri bo ar’abo mw’idini ry’inkehwa z’abo mubwoko bw’aba Yazidi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG