Uko wahagera

Amerika: Nta Vyemezo Perezida Trump Aratanga Ku vyo Yagiriza Obama


Perezida wa Amerika, Donald Trump
Perezida wa Amerika, Donald Trump

Umuvugizi wa perezida wa Amerika, Sean Spicer, yatangaje ko perezida Donald Trump, atashatse kuvuga ko Barack Obama, yahoze ari perezida wa Amerika, yumvirije telephone ziwe igihe Trump yariko ariyamamariza kuba perezida.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu biro vya perezida, Maison Blanche, Spicer yagerageje guhwamika ivyatangajwe na perezida Trump ku rubuga Twitter, ko Obama yategetse gushiraho uburyo bw’ukwumviriza telephone ziwe mw’ihoteri yiwe mu gisagara ca New York.

Sean Spicer, ntiyibaza ko perezida Obama yagiye gushiraho ubwiwe uburyo bw’ukwumviriza telephone ziwe.

Prezida Trump yaratangaje abatari bake mu ntango z’uku kwezi mu kuvuga ko perezida Obama yategetse kwumviriza amatelefone yiwe imbere y’amatora ya perezida muri Amerika.

Imbere yaho, umuhazi wa perezida Trump, Kellyanne Conway, yatangaje kw’ata vyemezo afise bishigikira ivyatangajwe na Trump vyuko telephone ziwe zumvirijwe.

Kellyanne Conway, avuga ko kuronka ivyemezo bitari mu kazi ajejwe. Avuga kw’ari igikorwa c’abajejwe itohoza.

Umurwi w’inama nshingamateka ujejwe iperereza wari watanze gushika ku musi wa mbere kugira ivyemezo bishigikiye ivyatangajwe na perezida Trump bibe vyashikirijwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG