Uko wahagera

USA: Tillerson m'Urugendo mu Karere ka Aziya


Sekreteri wa reta w'Amerika Rex Tillerson

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Rex Tillerson afise ivyizigiro vyo kwongereza utwigoro tw’Amerika two kurondera uburyo bushasha bwo gukemura ikibazo ca Koreya ya ruguru n’ibirwanisho vyaco vya Nikleyeri hamwe n’iterabwoba kidahengeshanya kwerekana mu karere giherereyemwo.

Tillerson yitezwe mur’iyi ndwi m’Ubuyapani, muri Koreya y’Epfo no m’Ubushinwa mu rugendo rwiwe rwa mbere nk’umudiplomate w’Amerika.

M’Ubushinwa azoba agiye guhumuriza abategetsi baho kumakenga bafise inyuma y’aho Amerika irungikiye muri Koreya y’Epfo ikigwanisho co guhangana na Misile ziterwa na Koreya ya ruguru.

Nayo Muri Koreya y’Epfo Tillerson azoba agiye kurabira hamwe n’abategetsi baho ibijanye na kazoza k’ico gihugu gihugu inyuma y’aho Perezida Park Guen-hye abogorejwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG