Uko wahagera

Erdogan: " Ubuholande Buzokwishura Ku vyo Bwakoze"


Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan avuga mu myiyerekano i Istanbul, Ukwezi kwa gatatu, italiki 12, 2017.

Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan yabwiye Abaholande kur’uyu w’Imana ko bazoriha ikiguzi inyuma y’aho bankiye umushikiranganji w’imigenderanire wa Turukiya kwifatanya n’abimukira b’abanyaturukiya bari mu myiyerekano m'Ubuholande.

N’inyuma kandi y’aho k’umusi wa gatandatu uwundi mushikiranganji wa Turukiya yirukaniwe m’Ubuholande kur’iyo mpamvu nyene. Perezida Erdogan yavuze ko atayindi reta yobuza abategetsi ba Turukiya kuja m’Ubuholande atari reta y’agacinyizo.

Fatma Betul Sayan Kaya, Minisitiri wa Turukiya w'Imiryango, na Berat Albayrak, Minisitiri w'amasoko ntanganguvu, mukiganiro n'abanyamakuru ku kibuga c'indege i Ataturk
Fatma Betul Sayan Kaya, Minisitiri wa Turukiya w'Imiryango, na Berat Albayrak, Minisitiri w'amasoko ntanganguvu, mukiganiro n'abanyamakuru ku kibuga c'indege i Ataturk



Abo bategetsi ba Turukiya bariko bagerageza gushigikira abimukira ba Turukiya m’Ubuholande bariko bagaragaza ko bashigikiye ingingo ya Perezida Erdogan yo gutunganya kamarampaka (Referendum) igamije kuzohindura ibwirizwa nshingiro kugira azobandanye atwara gushika muri 2029.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG