Uko wahagera

Siriya: Ibitero vy'Abiyahuzi Vyahitanye Abantu 40


Ahababereye ibitero vy'abiyahuzi, k'umugwa mukuru wa Siriya
Ahababereye ibitero vy'abiyahuzi, k'umugwa mukuru wa Siriya

Umugwi uharanira agateka ka zina muntu, usanzwe ukurikiranira hafi ibibera muri Siriya watangaje ko abantu bashika kuri mirongo ine bahitanywe n’ibitero bibiri vyabereye k’umugwa mukuru wa Siriya, abatari bake bagakomereka.

Uwo mugwi watangaje ko ivyo bitero vyabaye kur’uyu wa gatandatu, mu ntara ya Bab al Saghir, ahasanzwe hari imisigiti myinshi y’aba chiite, ihuriramwo aba isilamu baturuka mu mihingo yose y’isi.

Gushik’ubu nta mugwi uriyitirira ivyo bitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG