Uko wahagera

Etiyopiya: Reta Ntaco Iratangaza ku Bihe vy'Umutekano


Abanyagihugu mu ntara ya Oromia, mu myiyerekano yo kwiyamiriza ingingo ya Reta yo kwagura uturere twa Oromia
Abanyagihugu mu ntara ya Oromia, mu myiyerekano yo kwiyamiriza ingingo ya Reta yo kwagura uturere twa Oromia

Muri Etiyopiya, inyuma y’amezi atanu Reta itangaje ko igihugu cinjiye mu bihe bidasanzwe mu ntumbero yo gutorera umuti intureka zurutavanako zari zimaze iminsi, nta kiratangazwa gushik’ubu ko ivyo bihe bitekanya guhindurwa. Ni mu gihe Reta yataye mu mvuto abantu baharugwa mu bihumbi, abandi barungikwa mu makambi ameze nk’ayigisirikare, aho barangurira imyimenyerezo ikomeye.

Abahoze bapfungiwe mur’ayo makambi bamenyesha ko bahawe inyigisho nyinshi zijanye n’ibwirizwa shingiro. Bavuga kandi ko badafise uburenganzira bwo kubonana n’imiryango canke abababuranira. Abashika ku bihumbi mirongo ibiri baramaze kurekugwa, yamara abarongozi mu batavuga rumwe n’ubutegetsi baracari mur’ubwo busho. Abenshi mubamaze gucibwa imanza bagirwa icaha c’iterabwoba.

Mu ntango z’iyi ndwi, abanywanyi batari bake mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi baragirijwe na Reta ko bashatse guhirika ubutegetsi, babiri muribo bakaba basanzwe baba hanze y’Igihugu. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, ryariyamirije ibihe bidasanzwe vyashizweho na Reta. Iryo shirahamwe rikavuga ko ar’akaryo Reta ikoresha ko kubuza abantu gushikiriza ivyiyumviro vyabo no guhohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG