Uko wahagera

RDC Ifise Ikibazo c'Umuyagankuba


Urugomero rwa Inga ku ruzi Congo

Isosiyete y’igihugu ijejwe umuyagankuba yo muri Republika ihananira demokarasi ya Congo, SNEL, yatangaje ko ishobora kugabanya bikomeye umuyagankuba ukoreshwa kubera urugero rw’amazi y’uruzi Congo rwagabanutse bikomeye cane.

Umutegetsi w’isosiyete, SNEL, Medard Kitani, avuga ko bafise impungenge ko mu gihe batoba bafise amazi ahagije, botegerezwa guhagarika ivyuma vya turbine ku ruzi Congo kubera bidashobora gukora mu gihe amazi yagabanutse mu kuja musi y’urugero ruhagije.

Republika iharanira demokarasi ya Congo ni kimwe mu bihugu bitari bike vyo muri Afrika biriko bihangana n’ingaruka z’uruzuba rumaze igihe kirekire mu karere.

Isosiyete, SNEL yatangaje muri iyi ndwi kw’urugero rw’amazi y’uruzi Congo, rumwe mu nzuzi nini kandi ndende cane muri Afrika, rwagabanutse mu buryo bitari bwibonekeze mu kiringo c’imyaka ijana irangiye.

Guharika umuyagankuba uva ku rugomero kuri urwo ruzi vyogira ingaruka zikomeye ku butunzi bw’igihugu, cane cane mu gisata c’ugucukura ubutare, kizera ku ruzi Congo ku vyerekeye umuyagankuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG