Uko wahagera

Perezida Park Geun-hye wa Koreya y'Epfo Yabogojwe


Abashigikiye Perezida wa Koreya y'Epfo, Park Geun-hye biyamiriza ingingo yafashwe na sentare yo kumukura mu mabanga, Ukwezi kwa gatatu,10, 2017.
Abashigikiye Perezida wa Koreya y'Epfo, Park Geun-hye biyamiriza ingingo yafashwe na sentare yo kumukura mu mabanga, Ukwezi kwa gatatu,10, 2017.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ry’igihugu ca Koreya y’epfo, yakuye icese Park Geun-hye, mu mabanga y’ukuyobora igihugu. Iyo sentare yafashe iyo ngingo kur'uyu wa gatanu italiki 10 z'ukwezi kwa gatatu, 2017.

Abantu babiri bari bapfuye mu myiyerekano yadutse hanze y’inyubakwa y’iyo sentare. Umukuru vy’agateganyo wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, Lee Jung-mi, yasomye iyo ngingo mu gihe yariko irafatwa kuri televiziyo y’igihugu.

Yatangaje ko kuba perezida Park Guen-hye, yarenze kw’ibwirizwa shingiro n’amategeko ari uguhemukira abanyagihugu bamugiriye icizere. Perezida Park yagumye ahakana ivyaha yagirijwe vya ruswa.

Hisunzwe ibwirizwa shingiro, umushikiranganji wa mbere, Hwang Kyo-ahn, akaba ari perezida ivy’agateganyo muri iki gihe ategerezwa gutegekanya amatora mashasha y’umukuru w’igihugu azoba mu kiringo c’imisi mirongo itandatu.

Umuvugizi w’ubushikiranganaji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Mark Toner, avuga ko bazobandanya gukorana n’umushikiranganji wa mbere Hwang Kyo-ahn, mu kiringo gisigaye mu mabanga ya perezida ivy’agateganyo.

Amenyesha ko biteguriye kugirana imigenderanire myiza n’uwariwe wese abanyakoreya y’efo bazotora kuba perezida mushasha.

Park Geun-hye, niwe perezida wa mbere yatowe biciye mu nzira ya demokarasi akuwe mu mabanga yiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG