Uko wahagera

Uburusiya na Turukiya Vyishimira Imigenderanire Myiza


Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin, ibubamfu, avugana na Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan i Moscow, m'Uburusiya, ukwezi kwa gatatu, 10, 2017.
Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin, ibubamfu, avugana na Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan i Moscow, m'Uburusiya, ukwezi kwa gatatu, 10, 2017.

Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yatangaje kur'uyu wa gatanu, kw’imigenderanire hagati y’Uburusiya n’igihugu ca Turkiya iriko itera ikomera kurushiriza. Aho ni mu gihe ivyo bihugu bibiri biriko birondera uburyo bw’ukugabanya intambara imaze imyaka itandatu mu gihugu ca Siriya.

Perezida Putin atangaza ko ashimishwa nuko imigenderanire hagati y’Uburusiya na Turukiya iriko irasubira kumera neza. Ivyo yabibwiye abamenyeshamakuru igihe yariko yakira perezida Tayyip Erdogan, i Moscou. Avuga ko bariko bakora batitanga kugira batorere inyishu ibibazo bikomeye vyo mu gihugu ca Siriya.

Uburusiya na Turukiya vyarakoreye hamwe mu gutuma amasezerano y’uguhagarika intambara ashikwako muri Siriya mu kwezi kw’icumi na kabiri, mu mwaka urangiye w'2016. Ivyo bihugu vyarakoreye hamwe kandi mu gikorwa c’ukurwanya Reta ya Kiyisilamu muri Siriya.

Imigenderanire yasubiye kumera neza hagati y’Uburusiya na Turukiya inyuma yuko ivyo bihugu bibiri bishigikiye impande zitandukanye muri Siriya. Uburusiya bushigikiye Reta ya perezida Bashar al-Assad, mu gihe Turukiya ishigikiye inteko zirwanya Reta zigizwe n’Abaturuke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG