Uko wahagera

Ishirahamwe rya Buraya Ryongeye Ikindi Kiringo Tusk


Donald Tusk, arongoye Ishirahamwe ry'Ibihugu vya Buraya

Kur’uyu wa kane, abarongozi b’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya batoye ku bwinshi Donald Tusk, ngw’asubire kurongora iryo shirahamwe mu kindi kiringo. Igihugu ca Pologne, Tusk asanzwe aturukamwo akaba arico conyene kitari camutoye.

Inyuma y’ayo matora, Beata Mazurek, umuvugizi w’umugambwe witaho ubutungane n’amategeko muri Pologne, yabwiye abamenyeshamakuru ko ivyo bizohungabanya ubumwe mur’iryo shirahamwe. Igihugu ca Pologne cari camaze kugabisha ko kitazokwemera ivyavuye mur’ayo matora ari hamwe Tusk asubiye gutorwa.

Inyuma yo gutorwa, Donald Tusk yatangaje ko agiye kurushirizaho gukorera ishirahamwe rya Buraya. Ikiringo gishasha ca Tusk kikazohera mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n'icenda.

Abarongozi b’iryo shirahamwe bagarutse ku bibazo bijanye n’ubutunzi hamwe n’umutekano. Kur’uyu wa gatanu bategekanya kuganira ku bijanye n’inama ya Rome, itegekanijwe kuba mu mpera z’uku kwezi kwa gatatu. Ikazoba iramutse ihimbaza imyaka mirongo itandatu imaze ishinze Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG