Uko wahagera

Ishirahamwe O-N-U Ryihweje Ibibazo vy'Uburundi


Uburundi kw'ikarata
Uburundi kw'ikarata

Inama y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ijejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi yarihweje, ejo ku musi wa kane, ibibazo vyerekeye Uburundi.

Ishirahamwe O-N-U, ryatangaje ko hafi y’imyaka ibiri irangiye kuva uruhagarara rwa politike rutanguye mu Burundi. Iryo shirahamwe rimenyesha kw’urwo ruhagarara rugishobora kwiyongera.Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Jamal Benomar, mw’ijambo yashikirije inama ya O-N-U ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi, yamenyesheje kw’umutekano ucumbagira mu Burundi, ubushomeri butera bwiyongera bikomeye, cane cane ku bakiri bato, mu gihe ubuzima bw’abanyagihugu butera butituka bikomeye.

Yatangaje kw’ibibazo vya politike vyakomeye kurushiriza mu kiringo c’imyaka ibiri irangiye, kuva perezida Petero Nkurunziza, arondeye ivyo benshi babonye kw’ari ikiringo kigira gatatu giciye kubiri n’ibwirizwa shingiro.

Umuhanuzi adasanzwe w’umunyemabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Jamal Benomar, avuga kw’igiteye impungene kurushiriza ari ubuzima bw’abanyagihugu butera butituka kurushiriza.

Avuga kw’Abarundi batari babaho mu bwoba kubera Imbonerakure zitera zikandamiza kandi zitera ubwoba kurushiriza abanyagihugu mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Amenyesha kw’abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na Reta n’ababonwa akao barwanya ubutegetsi, bavurwako babandanya guhagarikwa, gutabwa mu mvuto mu buryo budaciye mu mategeko, n’ugufatwa nabi hamwe n’ukuzimanganywa.

Benomar yavuze kw’abantu imiliyoni zitatu bakeneye imfashanyo yihutirwa, n’ukuvuga ica kane c’Abarundi bose.

Yatangaje ko kuva uruhagara rwa politike rutanguye mu mwaka w’i 2015, abantu bagera ku bihumbi amajana ane bahunze igihugu.

Ishami ry’ishirahamwe O-N-U, ryitaho impunzi, HCR, rivuga kw’ico gitigiri kizoshika ku bihumbi amajana atanu mu mpera z’zumwaka.

Benjamin Mkapa yahoze ayoboye igihugu ca Tanzaniya, ahuza impamde zegwa n’amatati mu Burundi, yabwiye inama ya O-N-U ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi, hakoreshejwe ubuhinga bwa video, ari mu gisagara ca Entebbe, ko hakiri ibintu vyinshi cane izo mpande zitumvikanako:

Yatangaje kw’impande zose ziriyitirira ko arizo zishaka kugarukira amasezeranao ya Arusha n’ibwirizwa shingiro. Uruhande rumwe rubona urundi ko rugizwe n’abaicanyi. Ko kubera izo mvo uruhande rubonwa nabi rwotegerezwa gufatirwa ingingo zikomeye n’amakungu.

Umuhanuzi adasanzwe w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Jamal Benomar, yavuze ko bagerageje gukorana na Reta y’Uburudi, yamara kw’abategetsi b’ico gihugu muri rusangi batarondeye kwumviriza impanuro batanze.

Mw’ijambo Ambasaderi w’Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, Albert Shingiro, yashikirije abagize inama ya O-N-U ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi, yavuze ko Reta yiwe itemera bimwe mu vyashikirijwe muri raporo y’umunyamabanga mukuru wa O-N-U, ku Burundi.

Amenyesha kw’ibiganiro hagati y’Abarundi bibandanya nkuko bisanzwe haba hagati mu gihugu canke hanze y’igihugu. Yatangaje kw’umutekano muri rusangi umeze neza mu gihugu cose.

Ku bijanye n’agateka ka muntu avuga abanyororo amajana n’amajana barekuwe kuva mu mwaka w’i 2015.

Avuga kw’abanyororo ibihumbi bibiri n’amajana atanu bahawe ikigongwe na perezida w’Uburundi mu mpera z'umwaka w’i 2016. Yatangaje ko muribo 2246 baza barasubiye mu miryango yabo.

Ku bijanye n’uburengenzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro, yatangaje ko Reta iza yaremereye gukora mu buryo bwemewe n’amategeko amashirahamwe adaharanira inyungu z’amafranga 6500.

Yatangake kw'Uburundi burajwe ishinga n’ugukomeza imigenderanire yabwo n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG