Uko wahagera

Amerika Yarungitse Abasirikare Kurwanya ISIS muri Siriya


Abasirikare b’Abanyamerika barwanira ku butaka, barungitswe mu buraruko bw’igihugu ca Siriya gufasha kwomora abagwanyi bo mu muhari w’intagondwa z’abayisilamu, ISIS, kugira ngo babakure mu gisagara ca Raqqa bacumbitsemwo.

Ikinyamakuru co muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, The Washingotn Post, canditse ayo makuru ubwa mbere, kivuga kw’irungikwa ry’abo basirikare ryerekanye ko Amerika, ifashe intumbero nshasha yo kwongereza igitigiri c’abasirikare bayo bagwana iyo ntambara mu gihugu ca Siriya.

Gushika ubu, abategetsi b’Amerika, ntaco baratangaza ku mugaragaro cerekeye abo basirikare, yamara abategetsi ba gisirikare baremeje ayo makuru mu kiganiro bahaye ibindi binyamakuru. Mur’ico gisagara hari hasanzwe hari uwundi murwi w’abasirikare b’Abanyamerika.

Abandi basirikare b’Abanyamerika, barungitswe kandi mu gisgara ca Manbij, kiri ku birometero 138 vy’ico gisagara ca Raqqa; igisagara umurwi w’intagondwa z’abayislamu wagize umurwa mukuru wawo.

Amakuru atangazwa avuga kw’abagwanyi bo mu muhari ISIS bashika 4000, bari mu gisagara ca Raqqa.

Ubushikiranganji bw’Amerika bujejwe kwivuga abansi, buvuga kw’ingingo yo kurungika abasirikare b’Abanyamerika mu gisagara ca Manbjj, ifise intumbero yo guhumuriza iyindi mirwi y’abagwanyi itandukanye iri mur’ico gisagara kugira ngo ntize iragwana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG