Muri Iraki abantu 26 barapfuye abandi barenga cumi barakomereka inyuma y’aho abiyahuzi babiri baturikije ibisasu ahariko habera ubugeni mu buraruko bwa Baghdad kur’uyu wa gatatu.
Ico gitero cabereye ahitwa al-Hajaj, hafi y’igisagara ca Tikrit.
Nta n’umwe ariyitirira ico gitero, ariko umuhari wa Reta ya Kiyisilamu niwo wigeze kugaba ibitero nk’ivyo kubasivile no kubajejwe umutekano muri kahise.
Facebook Forum