Uko wahagera

Amerika Isaba Koreya ya Ruguru Kwerekana Ubushake

Uwuserukira Ubuyapani Koro Bessho (i bubamfu), Uwuserukira Amerika muri ONU Nikki Haley (hagati), hamwe n'uwuserukira Koreya y'amajepfo Cho Tae-yul, mu kiganiro inyuma y'umubonano w'akanama kajejwe umutekano, kur'uyu wa gatatu

Uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Nikki Haley yatangaje ko Amerika isaba Koreya ya Ruguru kwerekana ubushake imbere y’uko hatangura ibiganiro vyo gutezura icuka kibi kiri mu karere ka Koreya.

Inyuma y’aho abanywanyi b’akanama k’umutekano muri ONU, babonaniye mu mwiherero, Haley yatangaje ko umuyobozi wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un, atar’umwizigirwa. Madame Haley yavuze kandi ko abagize inama y’umutekano ya ONU batariko barafata ingingo ku bijanye n'ico gihugu.

Abanywanyi bagize akanama k’umutekano muri ONU bahuye mu ntumbero yo kuvugana ku bitero vya misile balistike biheruka gukorwa na Koreya ya Ruguru. Ivyo vyatumye Ubushinwa busaba Koreya ya Ruguru, Koreya y’amajepfo hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika gufata ingingo kugira ntihabe gutana mu mitwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG