Uko wahagera

Kenya: Abaganga Bahagaritse Akazi Bazosubirizwa n'Abanyamahanga


Kenyan doctors

Abetegetsi b’igihugu ca Kenya batangaje uno musi ku wa gatatu ko bazorondera abaganga bo mu mahanga kugira bafashe gutuma ibitaro vya Reta bibandanya imirimo yavyo. Ivyo babitangaje inyuma yuko ibiganiro bigenewe guhagarika ukugarariza akazi kw’abaganga muri Kenya bimaze imisi mirongo icenda vyageramiye igisata c’ubuvuzi ataco bishitseko.

Reta ya Kenya yagabishije incuro zitari nke kwirukana abaganga bagararije akazi. Yamara ivyo vyararaniwe kugondoza abo baganga. Reta ya Kenya yaciye ifata ingingo y’ukurondera abaganga bazosubirira abaganga bo muri Kenya bagararije akazi mu karere ka Afrika no hanze y’ako karere.

Perezida w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, ashavuye, yarifatiye mu gahanga abaganga amajana atanu bagararije akazi kubera basaba kw’imishahara yabo yongerezwa nuko ubuyro bakoreramwo bwotunganywa neza kurushiriza.

Perezida Kenyatta avuga ko bahaye abo baganga imishahara irengeye iy’abaganga bikorera ku giti cabo.

Sentare mu gihugu ca Kenya yatangaje kw’ukugarariza akazi kw’abanganga ba Reta biciye kubiri n’amategeko. Yagenye abaserukira amadini gufasha mu biganiro na Reta inyuma yuko abandi bagerageje gufasha bananiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG