Uko wahagera

Perezida Trump Yagiriza Obama Kumwumviriza


Perezida Donald Trump (ibubamfu), Barack Obama (iburyo)
Perezida Donald Trump (ibubamfu), Barack Obama (iburyo)

Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika birabandanya gutangaza ku makuru ajanye n’ibirego vya Prezida Donald Trump aho yagiriza uwahora arongoye Amerika, Barack Obama ko yafashe amajwi mu nyubakwa Trump Tower, mu mwaka uheze, mu gihe c’amatora. Ivyo vyatangajwe n’uwujejwe kumenyekanisha amakuru mu biro kwa Prezida, Sean Spicer, kur’uyu wa kabiri.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yatangaje ko ivyabona biriko birigwa mu nama nshingamateka, nmu gihe ihaye yiga ku bijanye n’uruhara rw’Igihugu c’Uburusiya mu matora ya Amerika. Barack Obama arahakana ivyo birego. Ni mu gihe kandi uwahoze arongoye ibiro vy’iperereza, James Clapper nawe ahakana ivyo birego, akavuga ko ata muntu numwe yigeze asuma urusaku mur’iyo nyubakwa.

Muri kino gihe Inama Nshingamateka co kimwe n’ibiro bijejwe iperereza muri Amerika, biza vyatanguye amatohoza kubijanye n’uruhara rw’Uburusiya mu matora ya Amerika. Abashingamateka baturuka m’umugambwe w’aba demokrate basaba ko ayo matohoza yorangwamwo umuco, agakorwa mu mwidegemvyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG