Uburusiya buzohimbaza muri uyu mwaka imyaka ijana izoba irangiye revolisiyo yo muri ico gihugu ikuyeho intwaro ya cami. Ivyo vyatumye hashirwaho ubumwe bw’Abasoviyete, bwaranzwe n’intwaro ya gikomunista mu gice kinini c’ikinjana ca mirongo ibiri.
Yamara abategetsi b’Uburusiya baritondeye ukugene bazohimbaza iyo taliki. Bisa nuko bafise ubwoba ko bishobora gutuma haba uruhagarara cane cane inyuma ya revolisiyo yabaye mu gihugu kibanyi ca Ukraine.
Ravolisiyo y’Uburusiya yarahinduye amateka mu gukombora intwaro ya cami igasubirirwa n’intwaro ya gikomunista yabaye iya mbere mu makungu.
Vladimir Lenin, niwe yayoboye revolisiyo ya gikomunista mu Burusiya, mu mwaka w’i 1917.
Naho Ubumwe bw’Abasoviyete bwasambutse mu mwaka w’i 1991, uruhara rwabwo ruracabandanya kwibonekeza mu bice bitandukanye vyo kw’isi.
Revolisiyo ya gikomunista mu Burusiya yaragize ingaruka ku mateka y’Uburusiya n’amateka y’isi nzima.
Imyaka ijana inyuma yuko iyo revolisiyo ibaye, amakungu ntakiyihimbaza n’igishika cinshi.
Facebook Forum