Uko wahagera

USA: Itegeko Rishasha mu Kwivuza


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga kw’umugambi mushasha w’Abarepublika w’ugusubiramwo uburyo abanyemerika bivuza ari ikintu ciza cane. Yamara uko uwo mugambi uzokwakirwa mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ya Amerika ntibitomoye.

Perezida Trump, mu vyo yayashikirije ku rubuga Twitter, uno musi ku wa kabiri, avuga kw’itegeko rihari muri iki gihe ku vyerekeye kworohereza Abanyamerika ku bijanye n’ukwivuza ryateweko igikumu na Barack Obama yahoze ari perezida, ari akajagari kandi ririko rirasambuka ningoga.

Perezida Trump, avuga ko ariko akora ku buryo buzogabanya ibiciro vy’imiti. Abarepublika bamaze igihe barondera gukuraho itegeko rihari muri iki gihe ritunganya ingene abaturage bivuza, rizwi kw’izina rya, Obamacare.

Iryo tegeko ryatumnye Abanyamerika imiliyoni mirongo ibiri batari bafise assurance imbere yaho bashobora kwuvuza.

Abademokrate bavuga kw’umugambi w’Abarepublika azotuma abandi banyamerika kurushiriza badashobora kwivuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG