Uko wahagera

Somaliya Ikeneye Imfashanyo yo Guhangana n'Inzara


Antonio Guterres yagize urugendo rwabaye giturumbuka muri Somaliya aho yabonanye na Perezida Mohamed Abdullahi Farmajo
Antonio Guterres yagize urugendo rwabaye giturumbuka muri Somaliya aho yabonanye na Perezida Mohamed Abdullahi Farmajo

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, avuga ko Somaliya ikeneye gufashwa bikomeye kugira inzara yahitanye abantu 260,000 mu mwaka w’i 2011 ntisubire kuba.

Guterres, yagize urugendo rwabaye giturumbuka, uno musi ku wa kabiri, mu gitondo muri Somaliya. Yabonanye na perezida aherutse gutorwa, Mohamed Abdullahi Farmajo, n’abategetsi b’ishirahamwe ONU n’umuryango w’ibihugu vya Afurika.

Guterres, yavuzeko abantu imiliyoni zitandatu n’ibihumbi amajana abiri bakeneye imfashanyo muri Somaliya. N’ukuvuga hafi y’icakabiri c’abanyagihugu baba muri Somaliya.

Guterres, yavuze ku kamo gaherutse guterwa n’ishirahamwe ONU k’imfashanyo y’imiliyoni amajana umunani na mirongo ibiri n’itanu y’amadolari igenewe gufasha Somaliya.

Amenyesha kw’ayo mafranga atabonetse, ibintu bishobora kuyanzara muri Somaliya.

Perezida Farmajo, yakiye neza urugendo rwa Antonio Guterres, ameneysha ko yaje kwirabira ubwiwe inkurikizi z’uruzuba kugira abwire amakungu ukugene ibintu vyifashe muri Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG