Uko wahagera

Perezida Trump na Netanyahu Bavuganye Kuri Irani


Perezida Donald Trump, iburyo, n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu kubiro vya White House i Washington, Feb. 15, 2017.
Perezida Donald Trump, iburyo, n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu kubiro vya White House i Washington, Feb. 15, 2017.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu bavuganye kuri telefone ibijanye nuko Irani ar’intambamyi ikomeye kuri Isirayeli.

Amakuru yavuye mubiro vya Netanyahu avuga ko abo bategetsi babiri bavuganye umwanya muremure kumasezerano y’ivya nikleyeri yumvikanyweko na Irani hamwe n’akagagazo ka Irani mu ntara zo m’uburasirazuba bwo hagati. Bavuganye kandi n’uko bakwiye gukorera hamwe kugira bahangane n’izo ntambamyi.

Netanyahu yamye ateye kubiri n’ayo masezerano kuvya nikleyeri yumvikanyweko hagati ya Irani n’ibihugu rutura kw’isi. Abo bategetsi bavuganye kandi n’ubugizi bwa nabi buvanze n’urwnko buheruka gukorwa kumva z’Abayahudi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG