Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Umurwi Mushasha w'Abarwanya Reta


Umutegetsi mugisirikare ca Sudani y’Ubumanuko aheruka gutanga imihoho m’ukwezi kwa kabiri 2017 yashinze umurwi w’abarwanyi mushasha wo kurwanya Perezida Salva Kiir.

Jenerali Thomas Cirillo Swaka yasohoye urwandiko kur’uyu wa mbere aho atangaza ko ariwe mukuru w’uwo murwi “the National Salvation Front”.

Ijwi ry’Amerika muri Sudani y’Ubumanuko yaronse urwo rwandiko rwagiriza reta ya Kiir ko yihagiye ubutegetsi n’amatungo y’igihugu ayagira ayiwe n’ubwoko akomokamwo bw’aba Dinka asiga inyuma ayandi moko.

Ntivyatomotse ubukomezi bwawo uko bungana, canke ko uzokwiyunga n’uwundi murwi SPLA-IO umaze imyaka irenga itatu urwanya reta ya Kiir.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG