Uko wahagera

Ibindi Bihano by'Ubulaya Byabangamira Amahoro muri Kongo


Umuryango w’ibihugu bigize ubumwe bwa Bulaya utangaza ko ushobora gufatira ibindi ibihano bishasha abajejwe umutekano n’abanyepolitike bo muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo mugihe vyogaragara ko babaye intambamyi muvyapolitike canke bagirijwe ubwicanyi.

Ivyo vyashikirijwe n’abashikiranganji b’imigenderanire 28 b’ibihugu bigize umuryango wa bulayi mu nama barimwo I Buruseli m’Ububiligi m’urwandiko vyari bitegekanijwe ko baterako umukono kur’uyu wa mbere. Ivyo bihano birimwo gufata ubutunzi bafitiye mur’ivyo bihugu no kubabuza kugira ingengo mur’uyo muryango.

Tubibutse ko ubumwe bwa Bulayi m’ukwezi kwa cumi na kabiri 2016 bwafatiye ibihano abategetsi indwi bajejwe umutekano bagereye Perezida Joseph Kabila, bagirizwa ubwicanyi bwahitanye abantu baharurwa kuri 50 m’ukwezi kw’icenda 2016 k’umurwa mukuru Kinshasha.

Ubumwe bwa bulaya buheraheza busaba aberwa n’ivya politike muri Kongo cane cane abacuditse n’ubutegetsi kwihutisha gushira mungiro ivyavuye mu biganiro hagati y’abanyepolitike kugira hatunganywe amatora y’umukuru w’igihugu imbere yuko umwaka w’2017 urangira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG