Uko wahagera

Amerika Igiye Kwongereza Uburyo bw'Ukwivuna Misile


Televiziyo yo muri Koreya ya ruguru iriko yerekana iraswa rya misile kw'italiki zitandatu z'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'i 2017

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwatangaje kw’ingingo ya Koreya ya ruguru y’ukurasa misile igeramiye bikomeye umutekano. Ubwo bushikiranganji bwamenyesheje ko buriko bufata ingingo zigenewe kwongereza uburyo bw’ukwivuna misile za Koreya ya ruguru.

Koreya ya ruguru yarashe misile zine ku musi wa mbere. Zitatu murizo zashitse ku bilometero igihugu, zigwa mu mazi y’ibahari yegereye Ubuyapani.

Umuvugizi w’Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jeff Davis, yabwiye abamenyeshamakuru kw’izo misile zidashika kure cane zidashobora kugeramira akarere ka Amerika yo mu buraruko.

Amenyesha kw’ingingo ya Koreya ya ruguru y’ukurasa izo misile yahuriranye n’intango y’imyimenyerezo y’ukwivuna umwansi yaba iba uko umwaka utashe hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Koreya y’epfo.

Iyo myimenyerezo yama ituma Koreya ya ruguru yishura mu kurasa za misile.

Ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubuyapani vyasavye inama yihutirwa y’urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi kuganira inyifato ya Koreya ya ruguru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG