Uko wahagera

AMISOM Yahimbaje Imyaka Icumi muri Somaliya


AMISOM
AMISOM

Kw’italiki zitandatu z’ukwezi kwa gatatu 2007, inteko zijejwe gucungera umutekano z’umuryango w’ibihugu vya Afrika, mu mpfunyapfunyo AMISOM, zarungitswe ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho. Ubutumwa bwazo bwari gufasha gukingira reta y’ico gihugu n’uguhangana n’abarwanyi b’umurwi w’intagondwa z’Abayislamu, al-Shabab.

Imyaka cumi inyuma yaho, inteko z’umuryango w’ibihugu vya Afrika, ziracakingiye reta. Ziracagenzura amabarabara makuru makuru ahuza umurwa mukuru, Mogadisho, n’intara zigize Somaliya.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Somaliya, Abdulkadir Sheikh Ali, Dini, avuga kw’atari ibintu bishimishije kubona ibibazo vya Somaliya vyatumye inteko zo mu mahanga zizanwa mu gihugu. Avugako badashimishwa nuko izo nteko zimaze imyaka cumi muri Somaliya.

Jeneralai Dini, amenyesha kw’ari ibintu bibabaje kurushiriza kubona kw’inyuma y’imyaka cumi izo nteko ziri muri Somaliya, ico gihugu kitarashiraho inteko zishobora kwubahiriza umutekano mu gihugu.

Atangaza ko mu kiringo c’imyaka itanu inyuma yuko inteko za AMISOM zishitse mu gihugu, bari kuba bashizeho igisirikare citeguriye kwubahiriza umutekano mu gihugu. Ngo yamara ivyo ntivyabaye.

Muri iki gihe abitegereza ibintu bavuga ko gukomeza igisirikare ca Somaliya vyotegerezwa kuba ikintu ca mbere reta yoshimikirako ubwa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG