Uko wahagera

Nijeriya: Guhanahana Amakuru Atariyo Vyatikije Impunzi


Abantu bagarutse mu kambi y'abateshejwe izabo yatewemwo bombe, Nijeria Ukwezi kwa mbere, 17, 2017.
Abantu bagarutse mu kambi y'abateshejwe izabo yatewemwo bombe, Nijeria Ukwezi kwa mbere, 17, 2017.

Umutegetsi wo mugisirikare ca Nijeriya yashikirije icatumye haba igitero ciswe isanganya ca bombe yatewe ku kambi y’abateshejwe izabo m’uburengero bushira ubuseruko m’ukwezi kwa mbere.

Jenerali Majoro Leo Irabor wo mugisirikare ca Nijeriya yabwiye intumwa z’inama ya ONU ijejwe umutekano ziri m’urugendo mur’ico gihugu kur’uyu w’Imana ko ico gitero co m’ukwezi kwa mbere italiki 17 mu gisagara ca Rann, cahitanye abasivile 236 cabaye ikosha rikomeye ryaturutse k'uguhanahana amakuru nabi.

Igihe ico gitero caba, hariko haratangwa imfashanyo mur’iyo kambi kandi abakenyezi benshi n’abana barishwe ndetse n’abakozi bariko batanga imfashanyo icenda bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu Croix rouge muri Nijeriya barapfuye.

Igisirikare ca Nijeriya cateye iyo kambi cibaza ko giteye abarwanyi b'umuhari w'iterabwoba wa Boko Haram.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG