Uko wahagera

Abantu Basinzikajwe n'Ivyuka Vy'Ubumara muri Mosul


Umuvyeyi afise umwana yagize ingaruka yatewe n'ivyuka vy'ubumara mu burengero bwa Erbil muri Mosul, Iraki.
Umuvyeyi afise umwana yagize ingaruka yatewe n'ivyuka vy'ubumara mu burengero bwa Erbil muri Mosul, Iraki.

Amashirahamwe mpuzamakungu aragabisha ko umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu woba wakoresheje ivyuka vyica kubasivile mu buseruko bwa Mosul.
Mu bantu 15 bariko baravugwa mu bitaro vy’ahitwa Irbil mur’ico gisagara ca Mosul bavuga ko bava mu bice vya Garage Shmel and Zahoor, ibice vyo mu buseruko bwa Mosul. Umuryango mpuzamakungu utabara imbabare Croix Rouge utangaza ko uriko uragira amatohoza, ariko kandi ko ibimenyetso vy’abarwaye vyerekana ko batewe ivyuka vyica.

Abantu babiri bavugwa ko basinzikaye cane kandi batanu muri bo ni abana.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU naryo rimenyesha ko mugihe vyogaragara ko ivyo vyuka vyakoreshejwe mu bitero bishobora kuba ivyaha vyo muntambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG