Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yateye Igisasu mu Mazi y'Ubuyapani


Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe yashikirije ko igihugu ca Koreya ya ruguru cateye ibigendajuru vya Misile bine kur’uyu wa mbere, bitatu muri vyo birwa mu mazi mu gice c’Ubuyapani.

Abategetsi b’Ubuyapani bavuga ko gutera ivyo bisasu ar’iterabwoba rikomeye kandi bashikiriza ko bavyiyamirije.
Ivyo bibaye mugihe Koreya yo m’ubumanuko na Reta zunze ubumwe z’Amerika bariko bakorera hamwe imyimenyerezo ya gisirikare, imyimenyerezo Koreya ya Ruguru yise ko igamije kugitera.

Mugihe haba imyimenyerezo nk’iyo m’umwaka uheze, Koreya ya ruguru yarateye ibigendajuru vya misile nk’ivyo bitari bike kandi igabisha ko inashobora gukoresha ubumara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG