Uko wahagera

Umurwi wa ONU Wagendereye Afurika yo Hagati


Pahimi Padacket Albert, Umushikiranganji wa mbere wa Cadi, yakira umurwi w'abaserukira ONU

Umurwi w’abaserukira inama y’umutekano ya ONU uri m’urugendo mu karere k’ikiyaya Cadi, mu ntumbero yo kwihweza ibibazo vyatewe n’umugwi w’iterabwoba Boko Haram, ku banyagihugu bo mur’ako karere. Uwo mugwi wa ONU watanguye urugendo rwawo k’umunsi wa gatanu, k’umugwa mukuru wa Kameruni, I Yaounde.

Muri Kameruni, uwo murwi wakiriwe n’Umushikiranganji wa mbere, Philemon Yang, aho yatangaje ko igihugu ciwe gisa n’icarengewe n’abimukira hamwe n’impunzi kubera intambara ya Boko Haram mu karere kari k’umupaka wa Kameruni na Nijeriya. Yang yasavye ko amakungu yoshigikira Kameruni mu bijanye n’imigambi hamwe n’amafaranga kugira haboneke iterambere mur’ako karere.

Uwo murwi wabandanirije urugendo rwawo muri Cadi, aho abanyagihugu barenga imiliyoni zine bugarijwe n’inzara. Kur’uyu wa gatandatu, uwo murwi w’abaserukira ONU wabonanye n’abarongozi mu bajejwe umutekano, bahurikiyemwo abasirikare baturuka muri Nijeriya, Kameruni, Cadi, Nijeri na Benin, bari mu gikorwa co kugwanya Boko Haram. Bakazova ngaho baja muri Nijeri na Nijeriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG