Uko wahagera

Afrika: Abanyamwero Barenga 600 Baramaze Kwicwa


Mwigulu Matonage Magesa, umunyamwero aturuka muri Tanzaniya
Mwigulu Matonage Magesa, umunyamwero aturuka muri Tanzaniya

Umuhinga mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Ikponwosa Ero, yateye akamo ko guhagarika ubwicanyi bukoregwa abanyamwero, bahigwako ibihimba bimwe bimwe vy’imibiri yabo. Ni mu cegeranyo umuhinga Ero yashikirije umugwi ujejwe agateka ka zina muntu, I Geneve m’Ubswise, ku bijanye n’ubwicanyi bwakorewe abanyamwero muri Afrika.

Abanyamwero barenga amajana atandatu barishwe, abandi bakoregwa amabi atandukanye mu bihugu bishika kuri mirongo ibiri n'indwi, mu kiringo c’imyaka itandatu iheze. Uwanyuma akaba aheruka kwicwa mu minsi ya vuba. Ero avuga ko ababikora bibaza ko abanyamwero bafise ubushobozi burenze, bukoreshwa m’ukuragura no mu miti kama. Yamara ko iyo migirwa ikorwa mu mpisho.

Mu cegeranyo umuhinga Ikponwosa Ero yashikirije muri ONU, yerekanye ivyokorwa kugira ubwo bwicanyi n’urwo rudandaza rw’ibihimba vy’imibiri y’abanyamwero bituzwe. Avuga ko hoba kubakingira, kubarindira umutekano no guhana ubugizi bwa nabi bufatiye ku gucagura umugwi w’abantu. Ivyo ngo bigakorwa kandi hariko harigwa igituma ubwo bwicanyi bukorwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG