Uko wahagera

Pakistani: Umukomanda w'Umutalibani Yishwe mugitero c'Indege


Intara ya Khost, muri Aufghanistani
Intara ya Khost, muri Aufghanistani

Abategetsi b’Abatalibani batangaza ko indege ya drone itagira umudereva y’Abanyamerika yishe umukomanda akomeye.

Ariko igisirikare c’Amerika cabwiye Ijwi ry’Amerika kur’uyu wa gatanu ko baba abasirikare b’Amerika bari muri Afganistani canke abo bafashanya m’urugamba ata n’umwe yagavye igitero muri Pakistani canke k’urubibe kanaka na Afuganistani k’umusi wa kane.

Amakuru atangwa n’Abatalibani yemeje kur’uyu wa gatanu ko uwo musirikare Qari Abdullah Mairaj yari mu bagabo babiri bishwe na misile y’Abanyamerika mu ntara ya Khost iri m’ubumanuko bushira ubuseruko bwa Afuganistani.

Amakuru yatangajwe kur’uyu wa kane avuga ko abo bagabo babiri bariko bagendera ku pikipiki igihe iyo drone ibatera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG