Uko wahagera

Burundi: Kaminuza Itanguye nta Gafashanyo ku Banyeshure


Kur’ uyu wa gatanu niho huguruwa icese umwaka w'ishure w'i 2016 ushira 2017, muri kaminuza y' Uburundi.

Uyu mwaka uhuriranye n'ingingo ya reta yo guhagarika agafashanyo yahora iha abanyehure ku buntu, kagiye kuba ingwati bazoriha.

Abanyeshure bariyamiriza iyo ngingo, bagasigura kw’abenshi baturuka mu miryango ikenye kandi batanaronka akazi vyoroshe, iyo bahejeje amashure.

Yamara umushikiranganji w'indero Janviere Ndirahisha yemeza ko iyo ngingo ari ntabanduka.

Umumeneshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza aratanga umuco kuri iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:56 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG