Uko wahagera

Tanzaniya: Ikampi y’Impunzi z’Abarundi Yafatiwemo Ibigwanisho


Igipolisi ca Tanzania cashize ahabona ivyavuye mw’isakwa ry’ibirwanisho rimaze iminsi riba mw’I kambi y’impunzi z’abarundi ya Mtendeli mu ntara ya Kigoma.

Igipolisi gitangaza ko mu vyafashwe harimwo inkoho n’igisasu ntezwantoke ca grenade. Abantu 9 nibo bari muminwe y’igiplosi ku mvo z’amatohoza nayo impunzi z’Abarundi zivuga ko zitekewe n’ubwoba muriyo nkambi ya Mtendeli.

Mw’isakwa rimaze iminsi ribera muriyo nkambi, uwutwara igipolisi yatangarije abamenyeshamakuru b’amaradiyo na televiziyo zikorera mu gisagara ca Kigoma ko hafashwe ibintu bitari bike biteye amakenga.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika muri Tanzaniya Pierre Claver Niyonkuru araduha umuco kuri iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:06 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG